Our Terms of Use and Privacy Policy have changed. We think you'll like them better this way.

INZEGO ZU MUTEKANO MU RWANDA NA DMI ZIKOMEJE KUGERAGEZA KUJYA GUCUKURA IMIRAMBO

  • Broadcast in Politics Progressive
RadioItahuka

RadioItahuka

×  

Follow This Show

If you liked this show, you should follow RadioItahuka.
h:284593
s:6832857
archived

HOST: Serge Ndayizeye

Topic: INZEGO ZU MUTEKANO MU RWANDA NA DMI ZIKOMEJE KUGERAGEZA KUJYA GUCUKURA IMIRAMBO

Umukuru wa Zone Masaka muri komine Giteranyi yabwiye BBC ko hari abantu bakeya baba mu karere ka Dagaza, hafi y'ikiyaga Rweru bahunze, biturutse ku makuru bumvise ko hari amato aje ahagana.

Umukuru wa Zone Masaka, Celestin Ngendakumana, avuga ko abo banyagihugu baciye bahumurizwa, basabwa gusubira muhira kugirango ntibahave basahurwa n'abokwikinga mu kiza.

Bwana Ngendakumana, avuga ko ata nkuru y'imvaho afise ku vyerekeye ubwo bwato bwavurwa bwatumye abo abanyagihugu bahunga.

Yemeza ariko ko izo mva z'ibiziga vyakuwe mu Rweru ubu zicungerewe n'abajejwe umutekano.

Umwe mu banyagihugu bo mu mihana ine yahunze, ituye hafi y'aho hashinguwe ibiziga vyatowe mu kiyaga Rweru, yabwiye BBC ko batewe n'ubwoba bumvise inkuru y'uko hari ubwato bune buje bugana muri ako gace.

Ariko ngo baciye basubira muhira mu bucagucagu.

Kuva ejo, abategetsi b'intwaro na gisirikare bajejwe intara ya Muyinga, bagendeye izo nkengera z'ikiyaga Rweru, haciye hatangwa itegeko ko ata bwato busubira kwinjira mu mazi y'ikiyaga Rweru, hongerezwa n'igitigiri c'abasirikare bahacunga umutekano.

Facebook comments

Available when logged-in to Facebook and if Targeting Cookies are enabled