RadioItahuka

RadioItahuka

×  

Follow This Show

If you liked this show, you should follow RadioItahuka.

IHURIRO NYARWANDA(RNC)IRAMAGANA IBITERO BY'INGABO ZU RWANDA

  Broadcast in Politics Progressive

Call in to speak with the host

(347) 945-6449

Muri Congo inyeshamba zo mu muhari M23 zinjiye igisagara ca Goma, umurwa mukuru w'intara ya Kivu ya Ruguru.
Umunyamakuru wa BBC Gabriel gatehouse avuga ko yababonye barasana gatoya n'ingabo za leta ya Congo ariko ubundi ngo nta ntambamyi nini bahuye.
Umunyamakuru wacu Bukavu Jonathan Kachelewa nawe nyene avuga ko igisagara cafashwe.
Abantu ibihumbi n'ibihumbi bari bamaze iminsi bahunga izo ntambara kubera ubwoba bw'uko zishobora kuvyura iyi ntambara mu gihugu cose.
Kuva intamnbara ihagarara mu 2003,bubaye ubwa mbere abagwanyi b'inyeshamba binjira muri Goma, igidsagara kibamwo abantu bashika ibihumbi 500.
M23 ivuga ko ishaka kuvugana na leta ya Congo kugira batore inyishu y'ibibazo ifise vy'amasezerano yo mu kwa gatatu 2009 na leta ya Congo yemeza ko atashizwe mu ngiro.
Ariko umuvugizi wa leta ya Congo Lambert Mende yabwiye BBC ko leta avugira itazogira ibiganiro na M23 kuko ngo siyo iriko iratera igihugu.
Congo ibandanya kwemeza ko iriko iraterwa n'Urwanda, ngo ni narwo bakwiye kugiranira ibiganiro.
Kuri uyu wa mbere umuvugizi w'ingabo z'Urwanda Joseph Nzabamwita yemeje ko umuntu umwe yapfuye muri batatu bakomerekejwe n'ibisasu vyarashwe n'ingabo za Congo mu gisagara ca Gisenyi co mu Rwanda.
Yavuze ko bavuganye n'abategetsi ba Congo bakemeza ko ari abasirikare bataye umurongo kuko ngo ata maketegeko bari bahawe yo kurasa mu Rwanda.
Generel de Brigade Nzabamwita yavuze ko Urwanda rutasubije.
Intamnbara yasubiye kwaduka mu kwezi kwa kane igihe bamwe mu bahora ari inyeshamba batoroka igisirikare ca Congo bagashinga umuhari M23 uharanira inyungu z'abanyecongo bavuga ururimi rw'ikinyarwanda na cane cane muri Kivu ra Ruguru.
Tags:
RADIO ITAHUKA
IHURIRO NYARWANDA RNC
Dr THEOGENE RUDASINGWA
UMUVUGABUTUMWA MARIE ESTHER MUREBWAYIRE
INYESHYAMBA ZA M23
h:284593
s:4049487
archived

Comments

 comments